Ukraine – Russia: Abasirikare 10.000 ba Ukraine bamaze kwicwa!

Ukraine ivuga ko ingabo zababa 10.000 z’igisirikare cayo bamaze gupfira muri ino ntambara kuva igitero c’Uburusiya gitanguye mu mpera z’ukwa kabiri.

Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu  Oleksiy Arestovych yatangaje ibi mu kiganiro cacishijwe ku mbuga hwaniro, igihe yari abajijwe igitigiri c’abasirikare Ukraine imaze gutakaza mu misi 100 ya mbere y’intambara – ni ukuvuga, gushika ku wa 03 Ruheshi (6).

Ukraine ivuga ko itakaza hafi abasirikare 100 bari ku rugamba buri musi, abandi baharurwa mu majana nabo bagakomereka.

Arestovych avuga ko abo Uburusiya bumaze gukataza bobo barenga kure n’iyo incuro zitari nke. Reta ya Ukraine ivuga ko ingabo z’Uburusiya zirenga 30.000 zimaze gupfa, ariko ibitigiri ngereranyo bitangwa n’igendereza ry’Ubwongereza biri hasi – abarenga 15.000.

Intambara yose ya Afghanistan yo kuva mu 1979 gushika 1989 yahitanye ingabo z’icahoze ari Reta zunze Ubumwe z’abasoviyeti zababa 15.000.

Abategetsi b’Uburusiya ntibaratanga igitigiri nyaco ico ari co cose ku vyerekeye n’abo bamaze gutakariza muri iyi ntambara ya Ukraine kuva ku wa 25 Ntwarante (3), aho bavuze ko abasirikare n’intwazangabo 1351 ari bo bari bamaze gupfa.

Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya cemeza ko abasirikare b’Uburusiya 3502 bapfuye – ariko aba bakaba ari babamenyekanye kandi bahamwe mu matongo y’abapfuye







Biden ati ‘Zelensky ntiyashatse kwumva imburi ya Amerika’ imbere y’igitero ca Russia

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko mugenziwe wa Ukraine Volodymyr Zelensky  atashatse kwumvira Amerika igiye yariko igabisha ko Uburusiya bwariko butegura igitero ku gihugu ciwe.

Mw’ijambo yashikirije mu gihe yari mu gikorwa co kegeranya uburyo ejo ku wa gatanu, afatira ku mburi z’uko Uburusiya bwoba bwariko butegura igitero, Biden yavuze ati: “Ndazi ko abantu benshi bibaza ko nariko ndashikuza”.

“Ariko nari nzi ko dufise amakuru yose yavyerekana”.

Yongera ko y’uko ata nkeka zari zihari ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yariko atera “aja ku mupaka” ariko “Zelensky ntiyashatse kuvyumva, co kimwe n’abanyagihugu benshi”.

“Ndatahura igituma batashatse kuvyumva, ariko yarinjiye”.

Amerika yatanguye kugabisha ko Uburusiya bwariko butegura igitero kuri Ukraine imisi itari mike imbere y’uko Putin atangaza “igikorwa kidasanzwe” kuri iki gihugu ku wa 24 Ruhuruma (2) .

Izi mburi zafashwe nk’ugushikuza mbere ziranegurwa bikomeye n’ibihugu bimwe bimwe vy’incuti za Amerika i Bulaya, vyafashe ico gihe ko Amerika yariko irashikuza.

Kuva iyi ntambara itanguye, Uburusiya buramaze kwigarurira ibisagara bikeya, ubu ikaba yashize inguvu zose mu buseruko aho iriko irondera kwigarurira intara za Luhansk na Donesk ziri mu karere ka Donbas.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubwongereza buvuga ko igisagara ca Severodonetsk kiriko kiberamwo intambara z’urutavanako.

Buvuga ko bisa n’uko impande zompi ziriko ziratakaza igitigiri kinini c’ingabo muri izi ntambara zikomeye zibera ku mabarabara y’ico gisagara.

Hagati aho, ubu bushikiranganji buvuga ko ingabo z’Uburusiya ata ntambwe ziratere utera uja mu bumanuko bw’iki gisagara.

Buvuga kandi ko Uburusiya buriko buregeranya invugu zo hasi no mu kirere kugira ngo bushobore gucuvya burundu ingabo za Ukraine.

Ukraine ishaka ibindi bikoresho mu ntambara yo mu buseruko, umutegetsi wo hejuru

Mu buseruko bwa Ukraine, itsinzi ku rugamba ibandanya ironkwa n’uwufise ibikoho binini binini.

Ni vya muzinga n’ibindi birasa ibisasu kure – bishobora gutera ibirindiro vy’umwansi.

Iyi ni intambara – bisa nk’aho – Uburusiya ari bwo bworohewe ubu.

Umwe mu bategetsi bo hejuru mu gisata c’umutekano yabwiye ikinyamakuru co mu Bwongereza, Guardian ko uruhande rwiwe ubu ruriko ruraherezwa n’amasasu.

Vadym Skibitsky avuga ko abarusiya ubu basumvya ibikoresho abanya Ukraine incuro kuva kuri cumi gushika kuri cumi na zitanu, ko rero ingabo za Ukraine zikeneye vuba bwango ibindi bikoresho.

Hari vyinshi bimaze kwemerwa – cane cane vya muzinga bigezweho vyo mu bwoko bwa HIMAR na M270 vyo muri Amerika no mu Bwongereza – ibi bikaba ari ntahusha.

Ariko ntibirashika ku rubuga rw’intambara  igenda iba nabi.







>Mariupol ishobora guterwa na cholera

Bimwe mu bisagara biherutse kwigarurirwa n’ingabo z’Uburusiya harimwo Mariupol, igisagara kiri ku nkengera y’inyanja mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine, ubu kikavugwa ko gishobora kwadukamwo ikiza ca cholera, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubwongereza.

Inyubakwa hafi zose zo muri iki gisagara zarononekaye canke zirasenyurwa, amazi akaba yavanganye n’imyanda iva mu tuzu twa surwumwe nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ONU.

Iki kiza caribonekeje i Mariupol imbere y’aha, kandi abarwayi bakaba baribonekeje irya n’ino mu kwezi guheze.

Umukuru w’igisagara wo ku ruhande rwa Ukraine, Vadym Boychenko, yabwiye BBC ko “cholera, amacinya n’izindi ndwara zandukira zamaze gushika mu gisagara”, kandi ko cugawe kugira ngo ntihaduke akaranda gakomeye.

ITANGAZO

1.Ku bufatanye na Ngwino.com turamenyesha abantu bajya bakenera amakuru ajyanye n’akazi ko babana natwe ku rubuga rwa Whats’up banyuze hano (Whats’up)

2.Ubaye wifuza kwamamaza, ufite ikibazo, igitekerezo cyangwa se inyunganizi ku makuru tukugezaho watwandikira cyangwa ukaduhamagara unyuze kuri numero: 0736206687







Leave a Reply

Your email address will not be published.